FOMI BURUNDI

423 posts

FOMI BURUNDI banner
FOMI BURUNDI

FOMI BURUNDI

@FomiBurundi

Établie en 2019, FOMI est l'Unique usine de fabrication d’engrais organo-minéraux au Burundi et parmi les rares qui existent sur le continent africain

Katılım Kasım 2022
103 Takip Edilen1.6K Takipçiler
FOMI BURUNDI
FOMI BURUNDI@FomiBurundi·
Kuri uyu musi wa gatanu igenekerezo rya 1 Rusama, 2026 niho hahimbajwe umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakozi n'akazi kw'isi yose. Hano iwacu i Burundi ukaba wahimbajwe kucivugo"Ibikorwa niryo teka; umurundi wese akoreshe impano yiwe mukubaka imbonakazoza".Abakozi b'uruganda ruhingura ifumbire y'ikirundi ivanze n'iyikizungu FOMI hamwe n'ayandi mashirahamwe ahurikiye mu runani "ITRACOM HOLDING LTD" bakaba batatanzwe kwifatanya n'abandi bakozi bo mu ntara ya Bujumbura muguhimbaza uwo musi ku civugo ngo : "Hamwe na FOMI, tubungabunge isi ndimwa, tugwize umwimbu, twisunze imbonakazoza"mw'ijambo ryiwe icegera c'Umukuru w'igihugu c’Uburundi Prosper BAZOMBANZA ari nawe yarahagarariye ibirori hano mu ntara ya Bujumbura yamenyesheje ko gukunda igihugu na cane cane muri kino gihe twipfuza gushikira imbonakazoza ari gukora ibikorwa yubahiriza amategeko n'amabwirizwa y'igihugu. Uwugikunda aritanga mubikorwa bigifasha gutera imbere kandi ugashira imbere ineza rusangi, gufasha leta kuriha ikori n'amatagisi kurwanya bakaboko, kurya ibiturire no gusesagura amatungo y'igihugu. Gukunda igihugu ni kubungabunga ibidukikije n'isi ndimwa.@itracom_tz @itracomholding @GeneralNeva @R_Ndikuriyo @BMineagrie @NtareHouse @RTNBurundi @RTNBurundi @RT_Isanganiro @radioscolaire1 @FinancesBdi @CnddFdd @NtahontuyeN @MagazineJimbere @nsengeti
FOMI BURUNDI tweet mediaFOMI BURUNDI tweet mediaFOMI BURUNDI tweet mediaFOMI BURUNDI tweet media
Indonesia
0
0
1
105
FOMI BURUNDI
FOMI BURUNDI@FomiBurundi·
INAMA KU BAJEJWE GUTANGA IFUMBIRE YA FOMI/GITEGA Ubuyobozi bujejwe ubudandaji mw'ishirahamwe FOMI,burabandanya igikorwa bwatanguye co kwegera bongera bigisha abajejwe gutanga ifumbire ya FOMI mu gihugu.Kumusi wa kabiri igenekerezo rya 28 ndamukiza ubwo buyobozi bukaba bwatunganije inama yo kwigisha no guhimiriza abajejwe gutanga ifumbire ya FOMI mu ma zone agize amakomine ya Muramvya, Gitega na Mwaro mu ntara ya Gitega . Muri iyo nama, umuyobozi w'ubudandaji mw'ishirahamwe FOMI Jean Pierre NZOBANDORA yarashikirije ingene igikorwa co gutanga ifumbire cifashe muri bino bihe, arashikiriza ko ababikora basabwa kubikorana ubwitonzi n’ubukerebutsi mugushira imbere ineza y’umurimyi, kuba akarorero keza imbere y’abo bajejwe gutunganiriza no gukorana neza n’abo mu bushikiranganji bw’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije n’abo mu ntwaro. Ikindi abo batanga ifumbire basabwa ni ukuyishingura neza kugira ntiyononekarire mu bubiko. Muri iyo nama ikurikiye iyiheruka kubera i Bujumbura, uwujejwe igisata c'ubudandaji muri FOMI Jean Marie NDAYISENGA yibukije abari ngaho ingaruka nziza ziva mu gutanga neza ifumbire . Kuyitanga hatisunzwe amategeko yavuze ko bishikana uwabikoze ku bihano harimwo gukurwa ku rutonde rw'abatanga ifumbire, ugukurikiranwa n'ubutungane n'ibindi. Uwujejwe igisata kijejwe itunganywa ryubahiriza ubuziranenge muri FOMI Marius BUCUMI yunganiye umuyobozi ajejwe ubudandaji ku bijanye n'inyifato ibereye yoranga abajejwe gutanga ifumbire mu ma zone agize intara za kera za Muramvya, Mwaro na Gitega. Aha yabasavye kwirinda kwakira nabi abakiriya, kubacanishamwo biciye mu kugira nkunzi, guha ifumbire abo itarigenewe n'ibindi. Mwomenya ko muri iyo nama hari abatanzweko akarorero ko bigenza neza bagatako bagatunganya neza akazi bajejwe, mugihe abandi nabo basabwe kubafatirako akarorero keza. Mu gusozera iyo nama, Umuyobozi w'ubudandaji mw'ishirahamwe FOMI yarishuye ku bibazo abajejwe gutanga ifumbire ya FOMI babajije bijanye n’ingorane bahura nazo muri ico gikorwa co gutanga ifumbire kubarimyi. Mwomenya ko inama nk'izo zizobandaniriza no muzindi ntara nka Buhumuza, Burunga na Butanyerera ================================================================================ Mkutano na wahusika wa ugawaji wa mbolea ya FOMI/Gitega Idara inayohusika na biashara kwenye kiwanda cha FOMI,inaendelea cha kukutana na kufundisha wahusika wa ugawaji wa mbolea ya FOMI nchini.Juma inne,tarehe 28 Aprili,idara hiyo ilianzisha mkutano kwa ajili ya kufundisha wagawaji wa mbolea katika tarafa za Muramvya,Gitega na Mwaro mkoani Gitega.Katika mkutano huo,mkurugenzi wa biashara kwenye shirika la FOMI Jean Pierre NZOBANDORA alieleleza hali ya ugawaji wa mbolea Kwa wakati huu.Anaomba wagawaji kufanya shughuli hio kwa hekima kwa kuipa kipaumbele ustawi wa wakulima.Kuwa mfano na kushilikiana vizuri na wafanyakazi wa wizara ya kilimo,ufugaji na mazingira pamoja na utawala.Wagawaji pia wanaombwa kutunza vizuri mbolea ili isiharibike ikiwa kwenye store.Katika mkutano huo ambao imetokea baada ya mkutano uliofanyika Bujumbura,musimamizi wa kitengo cha biashara kwenye kiwana cha FOMI bwana Jean Marie Ndayisenga aliwakumbusha waliohudhuria matokeo mazuri kama wagawaji watatekeleza vyema majukumu yao.Kugawa mbolea kusioheshimu utaratibu na sheria kunapelekea alieshindwa kuheshimu kanuni kuadhibiwa ikiwemwo kuondolea kwenye orodha ya wagawaji wa mbolea,kuwajibishwa kisheria nk.Musimamizi wa kitengo utekelezwaji usiokuwa na kasolo kwenye kiwanda cha FOMI bw. Marius Bucumi aliunga mkono mkurugenzi wa biashara akieleza kuhusu mwenendo stahiki wa wagawaji wa mbolea kwenye ngazi ya mazone katika mkoa ya zamani ya Muramvya,Mwaro na Gitega.Hapa aliwaomba kuwa waadirifu na kuheshimu wakulima ambao ndio wateja wa FOMI,aliwaomba kutobagua wanapokua wako wanagawa mbolea na kutogawa mbolea kwa watu wasiokua na sifa.Katika mkutano huo kuna wagawaji walioonekana kuwa ni wa mfano ambapo wengine waliombwa kuchukulia mfano kwa hao.Kwa kuhitimisha mkutano huo,mkurugenzi wa biashara kwenye FOMI aliajibu maswali yalioulizwa na wagawaji na kuongelea baadhi ya kelo zilizoibuliwa na wagawaji hao.Mikutano ya namna hio itaendelea kufanyika na kwa mikoa mingine kama Buhumuza,Burungs na Butanyerera ================================================================================ REUNION A L’INTENTION DES DISTRIBUTEURS DES ENGRAIS FOMI /GITEGA La Direction Commerciale de la Société FOMI poursuit le travail de sensibilisation qu’elle a commencé au sein des distributeurs des engrais FOMI dans le pays. Ce mardi 28 avril 2026 à Gitega, ladite Direction a organisé une réunion d’animation sur la distribution des engrais FOMI à l'endroit des distributeurs des engrais FOMI œuvrant dans les zones des Communes Muramvya, Gitega et Mwaro de la Province de Gitega. Dans cette réunion, le Directeur Commercial de la Société FOMI Jean Pierre Nzobandora a présenté l’état des lieux de la distribution des engrais en ces moments -ci, et a demandé aux distributeurs de faire ce travail avec beaucoup de prudence et de sagesse et cela au profit des agriculteurs, d’être un bon model, de bien servir et bien collaborer avec le Ministère de l’Agriculture, de l'Elevage et de l'Environnement sans oublier l’administration locale. A cet égard, les distributeurs des engrais FOMI sont recommandés de bien stocker les engrais pour qu’ils ne se détériorent pas dans les stocks. Le chef de service commercial de la Société FOMI, Jean Marie Ndayisenga quant à lui ,a rappelé aux participants les avantages de la bonne distribution des engrais; passer outre la règlementation de la distribution des engrais établie par les autorités entraine des sanctions sévères y compris le rayement sur la liste des distributeurs, sanctions juridiques etc., a-t-il ajouté. Pour compléter le Directeur Commercial, le chef de service Management Qualité Marius Bucumi, a rappelé un bon comportement à afficher vis à avis des bénéficiaires entre autres : éviter le manque de respect, éviter la discrimination, éviter les abus verbaux, éviter le refus injustifié de servir certains bénéficiaires, etc, et de suivre un bon modèle de certains distributeurs déjà identifiés comme de bons distributeurs . Pour clôre, le Directeur Commercial de la FOMI, a répondu aux différentes questions des distributeurs liés aux problèmes rencontrés lorsqu'ils exercent leur tâche de distribuer les engrais FOMI qui sont beaucoup sollicités par les agriculteurs. Signalons que de telles réunions vont se poursuivre dans d'autres provinces telles que Buhumuza, Burunga, et Butanyerera ================================================================================ MEETING FOR FOMI FERTILIZER DISTRIBUTORS / GITEGA The FOMI Sales Direction is continuing its awareness campaign among FOMI fertilizer distributors across the country. On Tuesday, April 28, 2026, in Gitega, the Direction organized a training meeting on FOMI fertilizer distribution for distributors operating in the Muramvya, Gitega, and Mwaro districts of Gitega Province. During this meeting, FOMI Sales Director Jean Pierre Nzobandora presented an update situation on fertilizer distribution and urged distributors to conduct their work with care and wisdom, for the benefit of farmers, to be good role models, and to serve and collaborate effectively with the Ministry of Agriculture, Livestock, and the Environment, as well as with local authorities. In this regard, FOMI fertilizer distributors are advised to store the fertilizers properly to prevent them from deteriorating in storage. The head of the FOMI company's commercial department, Jean Marie Ndayisenga, reminded participants of the advantages of proper fertilizer distribution. He added that disregarding fertilizer distribution regulations established by the authorities results in severe penalties, including removal from the distributor list and legal sanctions. Further to the Commercial Director's remarks, the head of Quality Management departement, Marius Bucumi, emphasized the importance of good conduct towards beneficiaries, including avoiding disrespect, discrimination, verbal abuse, and unjustified refusals to serve some beneficiaries. He also recommended to follow the example set by certain distributors already recognized as exemplary. In closing, the Commercial Director of FOMI answered various questions from distributors regarding the challenges they face in distributing FOMI fertilizers, which are in high demand among farmers. It should be noted that similar meetings will continue in other provinces such as Buhumuza, Burunga, and Butanyerera.
FOMI BURUNDI tweet mediaFOMI BURUNDI tweet media
Indonesia
0
0
0
84
FOMI BURUNDI retweetledi
Jimbere
Jimbere@MagazineJimbere·
🔜 Dans quelques instants à #Bujumbura, des tirs d’entraînement de la police seront entendus au « Cercle des officiers » à Ngagara vers 11h00 🗓️ L’information a été communiquée ce 28 avril 2026 par le ministère de la sécurité publique 🙏 La population est invitée à rester calme #Burundi #Jimbere
Jimbere tweet media
Français
0
1
5
1.8K
FOMI BURUNDI
FOMI BURUNDI@FomiBurundi·
IGIKORWA CO GUHINGURA IFUMBIRE FOMI KIRABANDANYA Kuva mu 2019 uruganda FOMI rurahingura ifumbire y’ikirundi ivanze n’ifumbire y’ikizungu. Imbere y’umuzo wa FOMI, abarimyi mu gufumbira bakoresha ifumbire mvaruganda igizwe na DAP, KCL na UREE. Izo fumbire mvaruganda naho zatuma umurimyi yimbura, niko isi ndimwa nayo yagenda iratituka. Biciye mu migambi yo gukingira ibidukikije, Amakungu yahavuye apfundika ivyo kugabanya gukoresha ubwo bwoko bw’ifumbire kuko hambavu yo gutitura isi, bwatitura n’amagara y’abantu. Niho mu Burundi havumburwa ubuhinga bwo guhingura ifumbire y’ikirundi ivanze n’ifumbire y’ikizungu. Uruganda FOMI ruhingura ubwo bwoko bw’ifumbire rwuguruwe mu 2019, ruba rubaye urwa mbere muri Afrika. FOMI rero ikaba kuva ico gihe ihingura ubwoko 3 bw’ifumbire: FOMI Imbura, FOMI Bagara na FOMI Totahaza. Reta y’Uburundi ikaba kandi iri mu bihugu vyiyemeje gukoresha ifumbire y’ikirundi ivanze n’ifumbire y’ikizungu,yaciye ishiraho umugambi wogushigikira abenegihugu biciye mu kubarihira ibice birenga 70% ku giciro c’umufuko w’ifumbire FOMI kuko guhingura ubwo bwoko bw’ifumbire bitwara uburyo bunini. Gushika ubu abarimyi bakaba baronka iyo fumbire biciye mu mugambi PNSEB. Kuva FOMI ivutse ihangiro nuko ihingura ifumbire y’akanovera, ikayironsa abarimyi ku gihe kandi ikwiye. Abarimyi bamaze kuyikoresha barashinga intahe yuko ifumbire ya FOMI yigenza neza mu murima, iragwiza umwimbu kandi igasubiza isi akanovera. Niko guca ihurumbirwa cane, gutyo ibitigiri vy’abayisaba biriyongera ku mwaka ku mwaka. Uko hasabwa ifumbire nyinshi niko n’ibikoresho vy’ibanze bikenerwa mu guhingura iyo fumbire nziza vyiyongera. Aho bigaca bisaba amafaranga mvamakungu atari make kugira ivyo bikoresho vy’ibanze biva hanze biboneke. Ubukene bw’ayo mafaranga mu Gihugu, bwaratumye urugero FOMI yipfuza guhingurako ifumbire rudakwira. Biri mu bituma bishika abarimyi bakaronka ifumbire idakwiranye n’iyo baba basavye. Naho biri uko, uko Reta y’Uburundi igenda iraha FOMI ya mahera mvamakungu hakiyongerako n’ayo FOMI iba yagurunye mu mabanki niko ivyankenerwa bigenda biraboneka; ifumbire ihinguwe igaca irungikwa mu ntara zitandukanye. Gushika kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2026, uruganda ruriko rurako ukuri kwamye, imiduga nayo ikaba iriko irapakirwa ifumbire kugira yegerezwe abarimyi mu ntara. Naho bishika ifumbire igakeha kubera imvo twavuze aho haruguru, biramaze kwibonekeza ko hari aboba bakoresha iyo fumbire igenewe abarimyi ukutariko mu kuyindandaza ku biro, mu kuyinyegeza kugire bayidandaze umurengera mbere tudasize inyuma aboba bayishora mu bindi bihugu biciye mu kinywabi. Iyo ngendo iza yunyura ibintu. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yarateye akamo indongozi, abajejwe intwaro n’igipolisi gufasha kurwanya abafise iyo ngendo y’ububisha kuko isubiza inyuma Igihugu, umurimyi akabura ya fumbire Reta iba yamurihiye amafaranga atari make kugira agwize umwimbu. Nkuko Umukuru w’Igihugu yabitegetse, umurundi wese yarakwiye kuba maso, agaterera mu gufasha kudoma urutoke abo bose batuma ifumbire idashikira umurimyi. Abamenyeshamakuru bofasha mu gutohoza no mugutanga inkuru ku bijanye n’itangwa ry’ifumbire kuva ku ma zone gushika ku mitumba. FOMI ikaba iri ku kivi kugira ibandanye ihingura ifumbire imaze kwubaka izina ryiza mu Burundi no mu makungu kubera akaranga n’akanovera kayo. @GeneralNeva @R_Ndikuriyo @BMineagrie @nshingamateka @RTNBurundi @RTNBurundi @RT_Isanganiro @radioscolaire1 @FinancesBdi @CnddFdd @NtahontuyeN @MagazineJimbere
FOMI BURUNDI tweet mediaFOMI BURUNDI tweet mediaFOMI BURUNDI tweet mediaFOMI BURUNDI tweet media
Indonesia
0
0
2
245
FOMI BURUNDI
FOMI BURUNDI@FomiBurundi·
ENCADREMENT DE PROXIMITÉ SUR LE COMPORTEMENT RESPONSABLE,UNE DES CARACTÉRISTIQUES DE LA SOCIÉTÉ FOMI. La Direction Management de Qualité de la société FOMI a organisé un atelier de sensibilisation sur l'adoption de comportement responsable à l'intention des différents chefs de service, les responsables ainsi que les secrétaires de Direction de la société FOMI. L'atelier a eu lieu le 25mars 2026 dans la salle des réunions de la société FOMI. La sensibilisation s'inscrivait dans le cadre de l'adoption d'un comportement responsable sur la bonne gestion du patrimoine de la société FOMI entre autre la gestion de l'eau, électricité, le respect de la gestion des déchets et matériaux usés, gestion des consommables, gestion des matières premières et produits finis, respect des consignes affichés sur les pancartes, utilisation des e mails pour diminuer le gaspillage de certains matériels comme les papiers; communiquer à chaque fois de besoin surtout quand il s'agit des dossiers concernant le service, etc. Les bénéficiaires de cette atelier de sensibilisation ont été appelés à porter le message à tous les travailleurs de la société, chacun dans ce qui lui concerne et de le mettre en application. ================================================================================ CLOSE SUPERVISION OF RESPONSIBLE BEHAVIOR, ONE OF THE CHARACTERISTICS OF THE FOMI COMPANY The Quality Management Department of the FOMI organized an awareness workshop on the adoption of responsible behavior for the various department heads, managers, and management secretaries of FOMI. The workshop took place on March 25, 2026, in the FOMI company meeting room. The awareness campaign focused on adopting responsible behavior regarding the proper management of FOMI's assets, including the management of water and electricity, respect for the management of waste and used materials, consumables management of consumables, management of raw materials and finished products , adherence to posted instructions, using email to reduce waste of materials such as paper, and communicate whenever necessary, especially when it comes to files concerning the servicee,etc. The beneficiaries of this awareness workshop were called upon to convey the message to all employees of the company, each within their respective areas of responsibility, and to implement it. ================================================================================ UFUATILIAJI WA KARIBU KWENYE TABIA STAHIKI, NI MOJA KATIKA SIFA KWENYE SHIRIKA LA FOMI Idara ya Management ya sifa kwenye shirika la FOMI iliandaa workshop iliolenga kuhamasisha wakuu wa vitengo mbalimbali,wasaidizi wao na makatibu wa wakurugenzi katika shirika la FOMI kuhusu tabia stahiki.Workshop hiyo iligusa utumiaji mzuri wa maji,umeme,kudhibiti vizuri takataka na vifaa vilivyokwisha haribika,kusimamia vizuri malighafi na products zetu tunaxotengeneza,kuheshimu utatatibu uliowekwa na kutangazwa kupitia kubandika kwenye mabango,kutumia vizuri karatasi Waliokuepo kwenye workshop hiyo waliombwa kusambaza ujumbe lwa wafanyakazi wenzao na chini yao katika shirika la FOMI ================================================================================ KWAMA HAFI ABAKOZI MU KUBAHIMIRIZA NA NTARYO KU NYIFATO IBEREYE MU KAZI ,NI VYO BIRANGA ISHIRAHAMWE FOMI. Ubuyobozi bujejwe itunganywa ryubahiriza ubuziranenge mw'ishirahamwe FOMI,aribwo bita Direction Management de Qualité,bwaratunganije uruganda rwo guhimiriza abarongoye ibisata vy'ubuzi bitandukanye biri mw'ishirahamwe FOMI,ivyababa vyabo,hamwe n'abanyamabanga b'abayobozi bakorera mw'ishirahamwe FOMI,ku nyifato ibereye, umukozi wese yogenderako mu kazi.Urwo ruganda rwatunganijwe kw'igenekerezo rya 25 ntwarante umwaka wa 2026,mu kibanza c'amanama ca FOMI . Abitavye urwo ruganda bahimirijwe kwama bitwararika gukoresha neza ibikoresho vy'ishirahamwe: -umuyagankuba,amazi,inyubakwa;kwubahiriza itunganywa ry'imicafu n'ibikoresho vyaheze;kugura ibikoresho bizira akanenge bitagira ico vyonona ku buzima bw'abakozi n'ibidukikije;gukoresha ubuhinga bwa none kugira birinde isesagurwa ry'ibikoresho bimwe bimwe n'impapuro; kwubahiriza amabwirizwa yanditse ku vyapa biri mw'ishirahamwe ;guhanahana amakuru ajanye n'ivy'akazi igihe cose bikenewe, n'ibindi vyose bitunganijwe kugira akazi kagende neza. Abitavye urwo ruganda bose ,basabwe kubibwira abo barongoye mu kazi no kuvyubahiriza. @GeneralNeva @R_Ndikuriyo @BMineagrie @nshingamateka @RTNBurundi @RTNBurundi @RT_Isanganiro @radioscolaire1 @FinancesBdi @CnddFdd @NtahontuyeN @MagazineJimbere
Français
0
1
1
74
FOMI BURUNDI
FOMI BURUNDI@FomiBurundi·
Imirima ifumbijwe na FOMI iba myiza
HT
0
0
2
134