
#Burundi Mu ntumbero yo gushira mu ngiro, mu buryo bugaragara, imbonakazoza y’Uburundi igihugu cifashe mu mwaka w’2040 kandi giteye imbere mu mwaka w’2060, Inama ya Komite nkuru y’Umugambwe @CnddFdd yabaye ku wa 24 na 25 ndamukiza 2026, yapfunditse ko hagiye gutunganywa ku rwego rw’umugambwe umugambi w’imyaka itanu (plan quinquennal), kugira ngo imigambi y’igihugu ntiherere mu nyandiko gusa kandi kugira ngo ikurikiranwa n’isuzuma ry’ishirwa mu ngiro ryayo vyorohe. (Ingingo ya 2.)
Ni muri iyo ntumbero nyene, Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe Cndd-Fdd, Nyeniteka @R_Ndikuriyo , kuri uyu wa 29 Ndamukiza 2026 yatanguje icese ibikorwa vy’umurwi w’abahinga mu bijanye n’ubutunzi n’iterambere, ujejwe gutegura uwo mugambi w’imyaka itanu.
Ihangiro: Guhindura imibereho y’abanyagihugu hisunzwe imbonakazoza. Uwo murwi uhamagariwe gutomora ibikorwa vyihutirwa, aho uburyo buzova n’ikirangamisi c’ishirwa mu ngiro. Uwo murwi kandi uzoheza unafashe mw’isuzuma ry’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi w’imyaka itanu (plan quinquennal).
Muri iyo nama, Nyeniteka Révérien Ndikuriyo yasavye abo bahinga kwihutisha ibikorwa vyabo, na rirya ubu icivuvo ngenderwako ari « amajambo make, ibikorwa vyinshi ». Yamenyesheje kandi ko bimwe mu vyo bazoshikako bazobisangiza urwego nshingwabikorwa rwa Reta y’Uburundi kugira ngo bije mu nteguro y’ibikorwa vy’igihugu.
Ibikorwa bikaba bigiye kubandaniriza mu mirwi itandukanye, hisunzwe ubumenyi n’ubuhinga bw’umwe umwe muri abo bahinga, kugira ngo bashobore gutanga ivyiyumviro ata gisata na kimwe cibagiwe mu kiringo ca 2026 - 2031.




Indonesia










































