




Iraganje King Chalome
1.9K posts

@King_Chalira
Maître en Sciences Politiques, originaire de Makamba, Burunga






































"umugwizatunga ,Ntakirutimana Aloys Wakenya,amaze imisi 2 mubaboko atarayiwe, ariko asomerwa imisa kuri Cathédrale Regina Mundi. Yagirizwa gukorana na M23, ninyuma yokugura ishirahamwe rihingura inzoga ,mukarere kagenzurwa na M23" Nicaranye na #Sebibazo ariko angurira icayi!

C’est avec tristesse que nous apprenons le décès de l’ancien Président Algérien Liamine Zeroual. J’adresse mes plus profondes condoléances au Président Abdelmadjid Tebboune, au peuple #Algerie-n et à la famille du défunt. Le #Burundi se tient à vos côtés durant ce moment de deuil




















🔴 Ibihugu 20 biriyamiriza ingendo ya Prezida Ndayishimiye mu burongozi bw'Ubumwe bw'Afrika ! Nta mezi abiri aramara arongoye Ubumwe bw'Afrika none yamaze gukwega ikibazo gikomeye mu muryango w'Ubumwe bw'Afrika ! Kw'igenekerezo rya 02.3.2026, Uburundi bwatanze izina rya Prezida Macky Sall yahoze arongoye Sénégal nk'umukandida ariko yitoreza kuba umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Uburundi bwavuze ko bubikoze nk'uburongoye Ubumwe bw'Afrika. Iyi ngingo yarababaje cane abatwara Sénégal. Sénégal ntiyigeze itahura ingene uwahoze atwara igihugu yatanzwe kurongora ONU igihugu ciwe kitavyemeye. Prezida Macky Sall asanzwe atavuga rumwe n'abatwara Sénégal uno musi, mbere bo bavuga ko bipfuza kumucira urubanza ku kugene yatwaye igihugu cabo. Muri ino ndwi, Prezida Ndayishimiye asa nk'uwageragerageje gutegeka ibindi bihugu vy'Afrika ngo vyemere kandi bishigikire Prezida Macky Sall nk'umukandida w'Afrika. Prezida Ndayishimiye yatanze amasaha 24, akora ico bita "silence procedure". Ni ukuvuga ko ibihugu vyasabwe gukoresha agacerere mu kwemeza Macky Sall, maze ibitamwemeye akaba arivyo bivuga. Ntivyatevye, mu masaha 24 gusa, ibihugu 20 vyari bihejeje kwiyamiriza iyo ngingo. Muri ivyo bihugu, harimwo Sénégal, mbere n'ibihugu bikomeye muri Afrika nka Afrika y'epfo na Nigeria. 🔴 Ibihugu ntivyiyimirije Macky Sall ahubwo vyiyamirije ingendo ya Prezida Ndayishimiye ! Ivyo biboneka mu butumwa bw'igihugu bivuga ko bidatahura iyo ngendo yakoreshejwe mu kuvyemeza ko Macky Sall ariwe mukandinda w'Afrika. Ibihugu bivuga ko vyari kubazwa imbere, bikanabiganirako. Igihugu ca Nigeria nico gisa n'icatomoye rwose amakosa yakozwe. Nigeria ivuga ko ata ngorane ifise ku mukandinda yavuzwe canke igihugu avamwo. Nigeria ivuga ko kumbure iyo habaho kuvugana hari gushobora kuboneka irindi zina. Nigeria ibona ko hakozwe ikosa rikomeye kubera umugabane w'Amerika y'ubumanuko na Caraïbes ariwo uramukiwe kurongora ONU. Nigeria ibona ko iyi ngendo ishobora kubangamira bikomeye inyungu z'Afrika yose ! None bigiye kubandanya gute ? Prezida Macky Sall we avuga azobandanya kuba umukandida. Sénégal ivuga ko itigeze imwemeza. Ubumwe bw'Afrika ntibwamweje. Yoba agiye kuba umukandida w'Uburundi bwonyene ? 🔴 Umuhanuzi mubi ! Twarabivuze : umusi umwe Prezida Ndayishimiye azicuza kuba yaragenye Edouard Bizimana kuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'amakungu. Iri ni irindi kosa amukoresheje, kuko niwe yategerezwa kuba yamweretse ko ariko arakora amakosa. Iyi ni intango. Aba bantu uko batwara Uburundi bibaza ko ariko n'amakungu atwarwa. Aho Prezida Ndayishimiye yahabwa kurongora umuryango w'Ubumwe bw'Afrika, umukenyezi wiwe yamukeje ngo agiye kuba Prezida w'Afrika. Ubu ngira baratanguye kubibona. Natamenya ko adategeka ibihugu bigize Afrika, ahubwo ko ari umuhuza w'abo bangana, azorangiza ikiringo ciwe iteka ry'Afrika rigeze habi cane. Ni ikintu kibi cane kubona Afrika yerekana ko idafatanye iyo hageze kugwanira inyungu zayo ku rwego mpuzamakungu. Iki nico Umukuru w'umuryango yari ajejwe ubundi, none vyanse mu ntango. @GeneralNeva , @KwaNtare , @NtareHouse , @MAEBurundi , @BurundiGov , @nshingamateka , @Burundi_senat