Donatien Ndayishimiye
1.3K posts

Donatien Ndayishimiye
@Dndayish
Passionné de l'entrepreneuriat dans le domaine des technologies de l'information et de la communication.

Amanyanga mu bushikiranganji bw'ikigega ca leta. IGICE CA 4 Donatien yoba yaramaze kwigarurira ubwo bushikiriranganji ? Mu gice giheze twaberetse ukuntu Donatien na Bienvenu baciye bategura ko isoko itangwa gushasha, baca bayaka ya Société Tunisienne yari yaritsindiye. Tubandanye n'ukuntu bateguye kuzobishikako Donatien yaciye akora ibishoboka vyose kugira aronke umuntu wiwe ashirwa mu buyobozi bukuru bw'ubushikiranganji bw'ikigega ca leta kugira azomufashe gushikira ya soko, kandi yarabishoboye neza. Muti yabikoze gute ? Twamaze kubabwira ko iyo soko yabaye ku ntwaro ya Nestor NTAHONTUYE. Mu nyuma yagiye kuba umushikiriranganji wa mbere, aca asubirizwa na Dr Alain NDIKUMANA aramutswa ubwo bushikiranganji uno musi. Uwo amaze gushika mur'ubwo bushikiranganji, harabaye impinduka mu bayobozi bakuru bakuru bahahora, ariko reka duhagarare ku vya MEDIABOX kuko ni vyo turiko. Aho mur'ubwo bushikiranganji, haciye hahindurwa umuyobozi yahora ajejwe ibijanye n'ubuhinga bwa none (Directeur Général en économie numérique ). Haciye hazanwa mushasha, w'umupfasoni, yitwa Ir Odely NDIHO. Aha rero ico kumenya nyamukuru n'uko uwo mukenyezi Odely NDIHO yaje avuye muri indani muri MEDIABOX, aho yahora arongoye igisata c'ivya Star link. Vyumvikana ko ari umukenyuro udasanzwe Donatien NDAYISHIMIYE yarahejeje gushikako muvyo twokwita kwigarurira ubwo bushikiranganji cane cane kugira ashikire zamiliyoni z'amadolari muri ya soko. Reka tubandanye. Erega ntivyatevye, Ir Odely NDIHO amaze gushika mu ntebe ya DG économie numérique aho mu bushikiranganji bw'ikigega ca leta yaciye atabagura bimwe vya ya soko ya SIGEFP, aca avuga ko isoko izosubirwamwo gushasha. Aca yongera ashiraho umurwi mushasha w'iyo projet urimwo n'abatazi ivyayo. Bica vyumvikana ko ya Société Tunisienne yari ihejeje kwirukanwa canke kwakwa isoko burundu. Aho kandi ico kumenyesha n'uko hari abandi bakozi bahora bakorera aho mu bushikiranganji bw'ikigega ca leta bavuye muri MEDIABOX, icagiye gutangaza n'uko baciye bahabwa amabanga yo kuba aba chef de service mu gihe atan'umwaka bari bahamaze. Aha twovuga nka Chef de service-développement et suivi des projets informatiques na Chef de service-politique de la digitalisation. Aha vyumvikana ko Donatien abandanya gupanga akarere mur'ubwo bushikiranganji. Gushika ubu rero ko isoko yarasubirwamwo gushasha. Amakete azugururwa mu ntango z'ukwezi kwa rusama 2026. Hitezwe ko izoca ihabwa Société MEDIABOX. Vyumvikana ko umwe Odely NDIHO yazanwe kuba DG aho mu bushikiranganji bw'ikigega ca leta kugira afashe MEDIABOX (yaje avamwo) gushika ku mugambi wayo, bigarurire za miliyoni z'amadolari zagenewe iyo soko, mu nyuma azoca yisubirira kandi muri MEDIABOX kuyobora ico gisata nyene, nkuko bisanzwe biri mu makuru twatohoje muri King Umurundi Freedom. Mbega none koko MEDIABOX irafise ubwo bushobozi bw'iyo logiciel ? Inyishu ni OYA. Nta bushobozi ifise kuko amakuru dusanganwe aremeza ko hari abafundi bo muri MEDIABOX barungitswe muri Maroc kwiga ivy'iyo logiciel. Kubona rero MEDIABOX atabushobozi ifise bwo gutunganya neza iyo logiciel, bishobora kuvyara ibintu bibiri bikuru bikuru: 1. Aya mafranga ashobora kuba impfagusa, akaba nk'ayanyurujwe kuko ashobora gusohoka ariko iyo logiciel ntikorwe nkuko vyitezwe. 2. Bishobora kurangira iyi logiciel idakozwe burundu kuko Banque Mondiale ishobora gusubiza inyuma ya mafranga bivanye n'uko ikiringo umugambi wagenewe kizoba carangiye kuko bitegekanijwe ko umugambi urangira kw'igenekerezo rya 27/06/ 2028. Ingaruka mbi nyamukuru: Mu gihe bitokunda ko iyo logiciel ibaho, umugambi wa leta wo gushikana budget y'igihugu mu ntara ( mu buryo bwa none) ntuzoba ugikunze, hazoca hakorwa ivyo benshi bita kwiyaranja. Mbega umukuru w'igihugu ari he kur'ino dossier ? vyoba bimaze kumutera amakenga ? Donatien akura he izi nguvu ? Ni igiki gikwiye gukorwa kugira aya manyanga ahagarare ? Inyishu ni mu gice tuzoshikiriza ejo haza. Igice ca 3 kiri hano: x.com/i/status/20450… Organisation King Umurundi Freedom

#Burundi, le 14/04/2026 Amanyanga mu bushikiranganji bw'ikigega ca leta. Imiliyoni 30 z'amadolari zishobora kugenda akagirire. Kuber'iki umushikiriranganji yemeye ko aya manyanga akorwa ? Ingaruka zavyo ni izahe ku gihugu ? Uno musi, mw'ishirahamwe King Umurundi Freedom, twahisemwo gushira hanze amatohoza twakoze ajanye n'amanyanga ariko akorwa mu bushikiranganji bw'ikigega ca leta, ibishoboka gutuma amafranga ashika imiliyoni mirongo itatu mu madolari y'abanyamerika (30 000 000 USD) agenda akazimayongo canke ntakore ico yagenewe. Aya matohoza tuzoyashikiriza mu bice 4. Ica mbere twomenyesha n'uko aya manyanga ariko akorwa hagati ya Société MEDIABOX irongowe na Donatien NDAYISHIMIYE, @Dndayish (ari nawe arongoye ikinyamakuru IKIRIHO cegereye iperereza ry'Uburundi) be n'ubwo bushikiranganji bw'ikigega ca leta. Amanyanga yateguwe ku rugero ruteye ubwoba muri logiciel yitwa SIGFP-BI, mu mugambi PAFEN wa Banque Mondiale. Imbere yo gushika kure, kugira abenshi batahure ano manyanga, tubanze dushikirize mu ncamake ukuntu ama logiciels akora aho mu bushikiranganji bw'ikigega ca leta n'ukuntu Donatien NDAYISHIMIYE asa n'uwigaruriye ubwo bushikiranganji, aho kenshi yama akora ibishoboka vyose, n'inguvu zose, kugira abe ari we ahabwa amasoko yose mubijanye n'ubuhinga bwa none. Mur'ubwo bushikiranganji, hari logiciel yitwa SIGEFI (Système Integré de Gestion de Finances) y'ishirahamwe ASYST. Iyo logiciel ihari kuva mu mwaka wa 2010. Bisigura ko imahamaze imyaka ishika 16. Ni yo ikoreshwa mugukurikirana amafranga leta ikoresha harimwo amafranga ahembwa abakozi bose ba leta. Twibutse kandi ko Société ASYST irongowe n'uwitwa Amedée BWIMBA, asanzwe ari umunyamahanga. Ariko mu masezerano bari bafitaniye, leta yaraheraniye iyo Société amafranga y'amarundi angana n'imiliaridi zibiri, 2milliards Fbu. Mu mwaka wa 2023, ni ho twovuga ko leta yatanguza neza umugambi wa PTBA (Plan de Travail et Budget Annuel) mu co bise Budget-Programme kugira habe umuco mugukurikirana neza amafranga yose akoreshwa mu kigega ca leta, harimwo ayaca mu kigo OBR, kijejwe kwegeranya amakori. Kugira uwo mugambi ukunde, vyari vyateguwe ko bikorwa na ya Société ASYST kugira bongeremwo (binjize) muri ya SIGEFI uwo murongo w'ivyo vya PTBA, ku mafranga y'amarundi angana n'umuliyaridi umwe, 1milliardFbu. Ariko rero, ico gihe ASYST yaciye isaba ubwo bushikiranganji ko bubanza kubariha rya deni ry'imiliyaridi zibiri bwari bubafitiye. Aho hari ku ntwaro y'umushikiranganji Audace NIYONZIMA, uwo nawe ntiyigeze ashaka ko iyo logiciel ya ASYST ibandanya ikora kuko yaca yerekana amafranga ashika imiliyaridi mirongo itatu na zibiri (32 milliards Fbu) yaheruka kunyuruzwa muri OBR, ayo akaba yari yanyurujwe Audace NIYONZIMA akirongoye OBR. Aho rero Audace amaze kuba umushikiriranganji w'ikigega ca leta yakoze ibishoboka kugira bakorane na Donatien muvy'iyo logiciel, baca bategura kwigiza inyuma wa munyamahanga Amedée BWIMBA. Ivyo rero ntivyoroheye Amedée BWIMBA kuko haciye haduka ico twokwita intambara hagati yawe na Donatien yashaka ko ari we aca ahabwa iyo soko y'ivya PTBA. Ico gihe, mu mwaka wa 2023, Amedée BWIMBA ntiyigeze yoroherwa kuko haciye hatangura gutegurwa umugambi wo kumwaka ubuzima kugira bigarurire ya logiciel. Ni ho Donatien akoranye n'umukozi w'iperereza Audifax NIYONZIMA (ico gihe yaramutswa igisata c'ubutunzi mw'iperereza, ubu yarahinduwe) bafata Amedée ajanwa gupfungirwa ku cicaro gikuru c'iperereza mu buryo buteye ubwoba. Ico gihe twaramutabarije hano: x.com/i/status/17016… Twarerekanye neza icatumye apfungwa: x.com/i/status/17030… Twarerekanye kandi ivyo abamupfunze bashaka gushikako ico gihe: x.com/i/status/17041… Munyuma yarakuwe aho mw'iperereza, atwarwa gupfungirwa mw'ibohero rikuru rya Gitega. Twarabandanije kumutabariza, twerekana ko apfungiwe ubusa. Mu nyuma Amedée BWIMBA yahavuye apfungurwa, nkuko twabishikirije hano: x.com/i/status/17966… Ico ni igice ca mbere @GeneralNeva, @NtareHouse, @FinancesBdi, @mediabox16, @MinTFPSS_bdi.