King Umurundi Freedom
13.8K posts

King Umurundi Freedom
@KUF_ASBL
Organisation à but non lucratif engagée pour les droits humains, la démocratie et la bonne gouvernance 🇧🇮 WhatsApp: +33 7 58 27 92 94 https://t.co/mKUEfUqQJM

#𝗕𝘂𝗿𝘂𝗻𝗱𝗶, 𝗹𝗲 𝟮𝟳 𝗮𝘃𝗿𝗶𝗹 𝟮𝟬𝟮𝟲 Décès du caporal HATUNGIMANA Albert après des violences au camp de Mabanda. Ses proches réclament justice 👇🏻 kingumurundifreedom.org/deces-du-capor…

#𝗕𝘂𝗿𝘂𝗻𝗱𝗶, 𝗟𝗲 𝟮𝟳/𝟬𝟰/𝟮𝟬𝟮𝟳 𝗨𝗿𝘂𝗽𝗳𝘂 𝗿𝘂𝗯𝗮𝗯𝗮𝗷𝗲 𝗿𝘄'𝘂𝗺𝘂𝘀𝗶𝗿𝗶𝗸𝗮𝗿𝗲 𝗛𝗔𝗧𝗨𝗡𝗚𝗜𝗠𝗔𝗡𝗔 𝗔𝗹𝗯𝗲𝗿𝘁 Uwo musirikare yitavye Imana uno musi inyuma y'aho akubitiwe amahiri na bangenzi we kw'itegeko ry'uwo bagendanira. Bagenzi we barasaba ko haba ubutungane. 🔶 𝗨𝘄𝗼 𝗺𝘂𝘀𝗶𝗿𝗶𝗸𝗮𝗿𝗲 𝘆𝗶𝘁𝗮𝘃𝘆𝗲 𝗜𝗺𝗮𝗻𝗮 𝗻𝗶 𝗻𝗱𝗲 ? HATUNGIMANA Albert yari umusirikare w'igihugu afise ipete rya Caporal. Matricule yiwe ni: HR 19568/56182. Yavuka ku mutumba Kirehe, Commune Kabarore, intara ya Kayanza, mu ndinganizo ya kera. Ubu yahindutse Commune Kayanza, intara ya Butanyerera. Caporal HATUNGIMANA yakorera muri Centre d'instruction 2 MABANDA, ariko aha twomenyesha ko Centre d'Instruction Mabanda ihawe indaro na Bataillon Support 4 Division (camp Mabanda). 🔶 𝗜𝗻𝘁𝗮𝗻𝗱𝗮𝗿𝗼 𝘆𝗮 𝘃𝘆𝗼𝘀𝗲 Ku musi wa gatatu, igenekerezo rya 22/04/2026 Caporal HATUNGIMANA yaragiye kuri centre MABANDA gutemberaho no kwivuna akanyota. Mu nyuma yarinjiye muri butike agiye kugurayo ikintu. Kubera inzoga yari yanyoye, yashitse agiranira ikibazo n'abanyagihugu bari bahateramiye, bamwagiriza ko abahonyoye. Aho hoba haradutse gushamirana gato. Abanyagihugu bari bahateramiye baciye biruka baragenda, ariko bagenda batarishe utwo kunwa dusosa tune bariko barihereza ( utu jus ). Mur'iyo mvururu nyene, umuceri ungana n'ibiro butatu (3 kg) warasesetse mu wudandazwa mur'iyo butike. 🔶 𝗔𝗯𝗮𝗽𝗼𝗹𝗶𝘀𝗶 𝗯𝗮𝗿𝗮𝗷𝗲 𝗯𝗮𝗳𝗮𝘁𝗮 𝘄𝗮 𝗺𝘂𝘀𝗶𝗿𝗶𝗸𝗮𝗿𝗲. Mur'ako kanya nyene, abapolisi bakorera aho mu Mabanda, bari hafi y'iyo butike, baciye bahashika, barafata wa musirikare, Caporal HATUNGIMANA. Baciye bamutwara ku kirindiro cabo kumupfunga kugira barindire inzoga zimuveko. Bukeye bw'aho, 23/04/2026, inzoga zamuvuyeko, baramubwiye ivyononekaye kugira abirihe. Aho abaplolisi bari bamaze kuvyandika. Caporal HATUNGIMANA yaciye ariha wa muceri ungana n'ibiro bitatu, be na twa tu jus tune tutari twarishwe na ba banyagihugu bari bateramiye muri ya butike ya wa munyagihugu. 🔶 𝗖𝗮𝗽𝗼𝗿𝗮𝗹 𝗛𝗔𝗧𝗨𝗡𝗚𝗜𝗠𝗔𝗡𝗔 𝘆𝗮𝗿𝗮𝘁𝗮𝘀𝗵𝗲 𝗺𝘄'𝗶𝗸𝗮𝗺𝗯𝗶. Uwo musi nyene, 23/04/2026, ahejeje kuriha ivyo vyari vyononekaye, igipolisi caciye kimurekura. Ni ho yataha hamwe mw'ikambi . Aho yashikiye mu gasho k'ikambi kazwi nka " corps de garde " kugira bamuhane ibihano bijanye n'indero " punitions disciplinaires ", nkuko bisanzwe biri mu gisirikare. Caporal HATUNGIMANA amaze kwinjizwa mu gasho ntiyorohewe. Icegera c'umukuru w'ikambi ya Mabanda ( Bataillon Support 4 Division) yitwa Major MANIRAKIZA Gilbert batazira KIBOGOYE (Matricule: SS1093) yaciye yinjira mur'ako gasho amushuhurirako abasirikare bamugendanira (Agent de transmission) batangura kumukubita bidasanzwe. Caporal HATUNGIMANA yarakubiswe gushika aho acika intere, atangura no gucira amaraso. Ku musi wa gatanu, igenekerezo rya 24/04/2026, kubera mur'ako gasho babona ko amagara yiwe atera asinzikara (kuko yaguma yacira amaraso) baramurekuye kugira aje kwivuza kw'ivuriro ry'iyo kambi. Aho barabonye ko atavyo bashoboye kuko uwo musirikare yari yasinzikaye cane, baca bamurungika ku bitaro bikuru vya MAKAMBA, Hôpital MAKAMBA. Kur'ivyo bitaro, baciye baramwakiye, bamwinjiza indani mu bitaro, barakora ivyo bashoboye mukumuvura, ariko ntanahirwe yagize yo kubandanya ari muzima kuko kw'igenekerezo ry'uno musi, 27/04/2026, nk'igihe c'isaha indwi z'umuhingamo yaciye yitaba Imana. Ni urupfu rwababaje cane abasirikare bagenzi we, basaba bashimitse ko Major MANIRAKIZA Gilbert batazira KIBOGOYE, commandant adjoint wa Bataillon Support 4 Division (camp MABANDA) arengutswa imbere y'ubutungane kugira abazwe urwo rupfu rwa Caporal HATUNGIMANA Albert kuko atari kwubahuka kumusuhurirako aba AT biwe ngo bamusinzikarize ubuzima nk'uko mu gihe hari ibindi bihano bisanzwe bitegekanijwe n'amategeko. Organisation King Umurundi Freedom @GeneralNeva, @NtareHouse, @fdnbbi, @NIJIMBEREMarie1, @CNIDH_Bdi

#𝗕𝘂𝗿𝘂𝗻𝗱𝗶, 𝗹𝗲 𝟯𝟬/𝟬𝟰/𝟮𝟬𝟮𝟲 𝗨𝗿𝘂𝗸𝘂𝗿𝗶𝗸𝗶𝗿𝗮𝗻𝗲 𝗿𝘄'𝗮𝗺𝗮𝗯𝗶 𝘆'𝗶𝗺𝗯𝗼𝗻𝗲𝗿𝗮𝗸𝘂𝗿𝗲. Umunyagihugu yarakubiswe bidasanzwe, aratabarizwa aho arwariye. Ni igiki kizotabara uwu munyagihugu ? Ubutungane buri he ? Uwo munyagihugu aherutse kuborezwa igufa n'imbonerakure yitwa NIYONZIMA Oswald w'imyaka 36. Ava ku mutumba Gitibu, zone Rango, Commune Muhanga, intara ya Butanyerera. Uwo munyagihugu arwariye mu bitaro Roi Khaled, i Bujumbura. Amerewe nabi cane ku buryo inyama z'umubiri zatanguye kwononekara cane biturutse ku mahiri yakubiswe n'imbonerakure. Izo mbonerakure zakose iryo bara zizwi ku mazina ya Emile, Bosco, Nini na Mwarabu. Zose ziva kur'uwo mutumba. 🔸 𝗡𝗼𝗻𝗲 𝘃𝘆𝗮𝗴𝗲𝗻𝘇𝗲 𝗴𝘂𝘁𝗲 ? Vyose vyabaye kw'igenekerezo rya 03/04/2026. Uwo munyagihugu NIYONZIMA Oswald yarashwanye n'uwundi munyagihugu w'umubanyi kur'uwo mutumba, nkuko bishika rimwe rimwe mu kibano. Ariko mu nyuma imishwano yarahagaze. Inyuma y'akanya gato, kur'uwo musi nyene, nk'isaha zitandatu z'umurango, ni ho haca hashika izo mbonerakure twamaze kuvuga hejuru, zica zishika zifata NIYONZIMA Oswald. Ubwonyene zaciye zitangura kumukubita buyoka atagira gitabara. Inyuma yo gutabaza mugukoma induru, haraje abanyagihugu baratabara, izo mbonerakure zibona guhagarika ako kabi, zica zirigira atacamira. Ariko naho NIYONZIMA Oswald yatabawe, yari yamaze kwononekara bidasanzwe kuko umubiri wariko inguma nyinshi kandi avirirana amaraso. Abanyagihugu baramunyarukanye kwa muganga aho mu Kayanza, ariko basanga ntavyo bashoboye, baca bamurungika mu bitaro bikuru Roi Khaled. Gushika ubu, uwo munyagihugu amerewe nabi cane. Inyama z'umubiri ziguma zononekara cane, nkuko tubikesha amasoko yacu aho mur'ivyo bitaro. Hejuru y'ivyo vyose ni ntaho nikora, ntagira ikimuvuza, ntagira ico ari bufungure. Tumenyeshe ko inyuma y'ako kabi kose abanyagihugu barindiye ko za mbonerakure zohagarikwa barabura. Mu kababaro kenshi, abatabariza NIYONZIMA Oswald barasaba ko izi mbonerakure zamukoreye kano kabi zihagarikwa kugira zishengezwe imbere y'ubutungane, zongere zimuvuze. Mw'ishirahamwe ryacu twifatanije n'abanyagihugu mukwiyamiriza ako kabi k'izo mbonerakure, twongera dusaba ko zobihanirwa kuko amabi nkaya ntiyoguma adahanwa mu gihugu kigengwa n'amategeko. Organisation King Umurundi Freedom @GeneralNeva, @NtareHouse, @CNIDH_Bdi, @MiniJustice_BDI

#Burundi le 30 avril 2026 🚨 Alerte sur la situation critique des rapatriés burundais en provenance de Tanzanie. Dans le cadre du Programme UMUSEKE, les organisations de défense des droits humains, la Ligue Iteka et King Umurundi Freedom, alertent sur la situation critique des rapatriés burundais en provenance de Tanzanie. Surpeuplement, manque de services essentiels et conditions humanitaires alarmantes au site de Nyabitare. Une action urgente est nécessaire pour garantir leur dignité et leur protection. 📄 Lire l’alerte ici :kingumurundifreedom.org/alerte-sur-la-… Programme UMUSEKE @GeneralNeva, @NtareHouse, @CNIDH_Bdi, @MiniJustice_BDI, @LigueIteka, @FOCODE_, @RS_Burundi, @NadineMballa2, @fidh_fr, @AfricaDefenders, @bikjo, @MemoryBandera, @DefendDefenders, @Hassan_shire @FIACAT_org, @omctorg, @hrw, @OpenSociety, @hrw_fr, @UN, @Le_HCR, @KIOSFoundation, @FCA_global, @FordFoundation, @ONU_fr, @amnesty, @AmnestyKenya, @AmnestyEARO @UN_Burundi, @UNHumanRights, @dfat, @CCPR_Centre, @CIVICUSfrancais, @CIVICUSalliance

#𝗕𝘂𝗿𝘂𝗻𝗱𝗶, 𝗹𝗲 𝟮𝟵/𝟬𝟰/𝟮𝟬𝟮𝟲 𝗔𝗹𝗲𝗿𝘁𝗲 🔺 𝗚𝘂𝘁𝗮𝗯𝗮𝗿𝗶𝘇𝗮 𝘃𝘆𝗶𝗵𝘂𝘁𝗮❗❗ Ubwicanyi budasanzwe. Uwurongoye igipolisi ariko arica abanyagihugu bidasanzwe. Abanyagihugu bariko batabaza vyihuta. Muri kano kanya, 15h, hari ubwicanyi budasanzwe buriko bubera kuri Zone Mparamirundi ( Intara ya kera ya Ngozi). Uwurongoye igipolisi aho i Mparamirundi yafashe abanyagihugu bivugwa ko bari bashoboye ibintu mu Rwanda, batatu mur'abo banyagihugu yaciye abazana kuri zone, ubwonyene aca agirwako arabarasa, baca barapfa. Abanyagihugu bashwabadutse barakungera. Aho nyene uwo arongoye igipol yaciye agenda azana uwundi munyagihugu, nawe nyene ashitse amurasira imbere y'abanyagihugu, agiriweko acikana. Ubu nyene kandi, asubiye inyuma, avuze ko agiye kuzana uwundi munyagihugu nawe nyene ngo ace amwica. Ibinti bintu biriko biba ubunyene aho i Mparamirundi biteye ubwoba bwinshi cane abanyagihugu. Bariko batabaza inzego zo hejuru kugira zihagarike vyihuta iyo ntwazangabo intamare abanyagihugu. Inzego zo hejuru nizigire ico zokoze vyihuta zihagarike bino bintu ubunyene i Mparamirundi Ni inkuru tugarukako. Uwufise n'ayandi makuru ashobora kutwandikira kuri WhatsApp y'ishirahamwe: +33 7 58 27 92 94 canke kuri email: contact@kingumurundifreedom.org @GeneralNeva, @NtareHouse, @MininterInfosBi, @Burundi_Police, @CNIDH_Bdi

#𝗕𝘂𝗿𝘂𝗻𝗱𝗶 @PButanyerera, 𝟮𝟳/𝟬𝟰/𝟮𝟬𝟮𝟲 𝗔𝗯𝗮𝗽𝗳𝘂𝗻𝗴𝗶𝘄𝗲 𝗺𝘂𝗿𝗶 𝗰𝗼𝗺𝗺𝗶𝘀𝘀𝗮𝗿𝗶𝗮𝘁 𝗠𝘄𝘂𝗺𝗯𝗮 𝗯𝗮𝗿𝗮𝘁𝗮𝗯𝗮𝗿𝗶𝘇𝘄𝗮. 𝗔𝗯𝗮𝗻𝘆𝗮𝗴𝗶𝗵𝘂𝗴𝘂 𝗯𝗶𝘆𝗮𝗺𝗶𝗿𝗶𝘇𝗮 𝗶𝗻𝗴𝗲𝘀𝗼 𝗺𝗯𝗶 𝘇𝗮 𝗰𝗼𝗺𝗺𝗶𝘀𝘀𝗮𝗶𝗿𝗲. Mu gasho ka commissariat Mwumba (mu ntara ya kera ya Ngozi) havugwa ubwinshi bw'abanyagihugu bahapfungiwe. Mur'ako gasho gato cane, uno musi hapfungiwe abanyagihugu bashika 20 mu gihe kagenewe abatarenga batanu.. Ikibababaje cane abanyagihugu n'uko abo bose bahapfungiwe ku karenganyo kadasanzwe harimwo kwagirizwa ivyaha bitabaho, nko gukorana n'umuhari M23. Ivyo vyose bikaba bifatiye ku vyo abanyagihugu bita " 𝗶𝗻𝗴𝗲𝘀𝗼 𝗺𝗯𝗶 𝘇𝗮 𝗰𝗼𝗺𝗺𝗶𝘀𝘀𝗮𝗶𝗿𝗲 , NDUWIMANA Edouard, batazira MABABI. Nkuko abo banyagihugu bashikiriza, commisaire NDUWIMANA afise ingeso y'akaborerwe kadasanzwe, yo kuzindukira mu nzoga zigurishwa mu tubuni duto duto aho i Mwumba, nk'izitwa HOZAGARA, NIKO, KIKI, VODAS. Ivyo bituma aca atangura kwisandagaza ku banyagihugu, abategeka kuriha amafranga yitiriwa " kumusororera ". Mur'iyo ngeso ya commisaire, umunyagihugu asabwe amafranga ntayatange yisanga mu gasho mukumubwira ko agira amukomeshe. Ivyo biyoga azindukiramwo vyaramaze no kumugirira ingaruka mbi kuko vyamuviriyemwo ingwara yo kugenda asusumira, (ajugumira), ivyo vyose bigatuma abandanya kwigenza kur'abo banyagihugu. Kubera ingeso y'ibiturire, commisaire asigaye ategera abanyagihugu mw'ijoro, guhera isaha zibiri, bariko bitahira mu ngo zabo, akaja kubapfunga kugira barekurwe bamuhaye amafranga. 🔶 𝗖𝗼𝗺𝗺𝗶𝘀𝘀𝗮𝗶𝗿𝗲 𝗮𝗴𝗲𝗻𝗱𝗮𝗻𝗮 𝗻'𝗮𝗯𝗮𝗸𝗲𝗻𝘆𝗲𝘇𝗶 𝗯'𝗮𝗯𝗮𝗻𝗱𝗶. Iyindi ngeso ya commisaire NDUWIMANA yidogerwa n'abanyagihugu aho muri Mwumba, ni ingeso yo kugendana n’abakenyezi b'abandi bagabo yitwaje ico ari. Umushingantahe nyene urugo agize ngo aravuze kugira yiyamirize iyo ngeso ya commisaire aca yisanga mu gasho, aho agirwako amwagiriza icaha gikomeye co gukorana n'umuhari M23 urwanya leta ya Congo, mu gihe ata cemezo na kimwe aba afise. Izo ngeso mbi zose za commisaire ni zo zatumye ako gasho kuzura abantu batagira ikintu na kimwe bagirizwa coba kiboneka nk'icaha, ari yo mpamvu batabarizwa kuko uburyo bapfunzwemwo buteye ikigongwe bugahonyanga agateka ka zina muntu. Ikindi abanyagihugu basaba n'uko abakuririra uwo mu Commissaire bomukurikiranira hafi kur'izo ngeso mbi ziwe canke agakurwa mur'iyo commissariat kuko abangamiye cane abanyagihugu. Organisation King Umurundi Freedom @GeneralNeva, @NtareHouse, @MininterInfosBi, @Burundi_Police